| | Iy Umwami w' i Burundi yapfuuyé |
| | Abatási barabívuga |
| | Umwami ntiyóngere kuráarana n úmugoré |
| | Akaraarana n úumwána w úmuhungu |
| |
| 5 | | Akaraguriz arí kwaa Sé |
| | Arí kwaa Séekúru |
| | Akagend akajya yó |
| | Ingabé zigahaguruka kwaa Cyírima |
| | Zikaaza zigahagarara kw iirémbo |
| |
| 10 | | Umutsoob akaazan imbúto |
| | N ínzogá muu mpéerezo n íngororero |
| | Agasets ati seka Kaanaka |
| | Abami baguseezeyehó |
| | Bagiiye mu rwíhisho |
| 15 | | Tsinda Kaanaaká |
| | Tsind Uburundi |
| |
| | Bagaháguruka bakambuk udushanga tubiri |
| | Cyángw útugezi tubiri |
| | Bakajy ahantu h ágakombe |
| 20 | | Bakajya mur úurwo rugó |
| | Umwam akayoboramó wáa mukúrambere |
| | Agaheerezw Inyundo |
| | Agaheerezw Ubushingo |
| | Indamúts ikaramutsa |
| |
| 25 | | Ingoma zigataah aríko ntibáziheereze |
| | Umurishy ujyána n Ingabe |
| | Ur íinyuma yáazo |
| | Zikaaza zikajya mu ruhimbi |
| |
| | Nyamíband íkaaza |
| 30 | | Ikajya mu rundi rugó |
| | Umugabékaz akajyana n úmukobwa |
| | Akab arí wé baraarána |
| | Imins ikab umunani |
| |
| | Uwa cyénd íngoma zigasuka |
| 35 | | Zikíigamburuz ukó bisanzwé |
| | Ingabe zigaheekwa, n Abami |
| | Bakabonez impinga yóose |
| | Ntibóngere kwambuka |
| |
| | Abagoré b Umwami bagasanganirira |
| 40 | | Mu gahinga kure |
| | Bakaaza bagahagarara ku Kaarubanda |
| | Ingobyi y Umwami n íiy Umugabékazi |
| | Zikajya mu rugó |
| |
| | Umwam akajya muu nzu |
| 45 | | Agasetsa kwáa kundí |
| | Ati seka Kaanaka |
| | Ngiiy ínzogá Kaanaak águtuye |
| | Tsinda Kaanaaká |
| | Tsind Uburundi |
| |
| 50 | | Agaheerezw Inyundo |
| | Agaheerezw Ubushingo |
| | Indamúts ikaramutsa |
| |
| | Ingobyi zóose zaasangániye |
| | Zigateez urugamba ku Kaarubanda |
| |
| 55 | | Ingabé zigataaha |
| | Bagateerahw íbihubí |
| | Ukó bisanzwé |
| | Zigasubira hagatí y íbitabo |
| |
| | Insánga zigataaha |
| 60 | | Bagakam amatá |
| | Bakaazana n ínzogá z úubúuki |
| | Zivuuyé mu banyánzogá |
| | Zigaterekw imbere y íngoma |
| | Akazisomaho |
| |
| | Abáana bakanyw amatá |
| 65 | | Abíiru bagatinduur inzogá |
| | Umutsoob akagororer Umwami |
| | Umwam akagororer Umutsoobe |
| | Umutsoob akíivuga |
| | Ab lintwári bakiivuga |
| 70 | | Ingoma zikagororerwa |
| | Amapfíiz akagororerwa |
| |
| | Ingoma zigataaha |
| | Zikajya kwaa Cyírima |
| | Zaagerá mw iirémbo |
| 75 | | Zíjya kwaa Cyírima |
| | Ingobyi zigataaha, |
| | Na Rubanda bakínjira |
| |
| | Bakaazan imfíizi yó muu Ndwanyi |
| | Bakayíbiikiira |
| 80 | | Bakayíkamiisha |
| | Bakagabura bagah abíiru |
| |
| | Mu gitóndo zikajíishuurwa zigasiigwa |
| | Abíiru bakagororerwa |
| | Umwam agatsínda |
| 85 | | Akagir ubujyeri. |